Ukraine Vs Russia: Trump na Putin bategekanya kubonanira muri Alaska mu biganiro vy’amahoro mu ndwi iza

Ukraine Vs Russia: Trump na Putin bategekanya kubonanira muri Alaska mu biganiro vy'amahoro mu ndwi iza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y’isanamu, Ejo ku wa gatanu, Trump yavuze ko yiteze ko hazoba “uguheberanira ubutaka” hagati y’Uburusiya na Ukraine

    • Umwanditsi, Courtney Subramanian
    • Igikorwa, BBC News, muri Maison Blanche
    • Umwanditsi, Ali Abbas Ahmadi
    • Igikorwa, BBC News

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika na mugenziwe w’Uburusiya Vladimir Putin bazohurira i Alaska ku wa gatanu w’indwi iza kugira baganire kuri kazoza k’intambara yo muri Ukraine.

Trump yatangaje ivy’uno mubonano wo ku wa 15 Myandagaro (8) ku mbuga hwaniho, mu nyuma biza kwemezwa n’umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya), aho yavuze ko iki kibanza bahisemwo “cumvikana neza” kubera Alaska iri hafi y’Uburusiya.

Alaska ni intara ya Amerika iri hirya mu buraruko bushira burengero bw’umugabane wa Amerika y’uburaruko, umuhora (détroit) wa Bering ukaba ari wo utandukanya iyi ntara n’Uburusiya.

Uno muvugizi yongeyeko ko Trump na we yatumiwe mu Burusiya mu mubonano uzoba ugira kabiri.

Source link

Visited 1 times, 1 visit(s) today

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *