Ahavuye isanamu, Getty Images
-
- Umwanditsi, Courtney Subramanian
- Igikorwa, BBC News, muri Maison Blanche
- Umwanditsi, Ali Abbas Ahmadi
- Igikorwa, BBC News
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika na mugenziwe w’Uburusiya Vladimir Putin bazohurira i Alaska ku wa gatanu w’indwi iza kugira baganire kuri kazoza k’intambara yo muri Ukraine.
Trump yatangaje ivy’uno mubonano wo ku wa 15 Myandagaro (8) ku mbuga hwaniho, mu nyuma biza kwemezwa n’umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya), aho yavuze ko iki kibanza bahisemwo “cumvikana neza” kubera Alaska iri hafi y’Uburusiya.
Alaska ni intara ya Amerika iri hirya mu buraruko bushira burengero bw’umugabane wa Amerika y’uburaruko, umuhora (détroit) wa Bering ukaba ari wo utandukanya iyi ntara n’Uburusiya.
Uno muvugizi yongeyeko ko Trump na we yatumiwe mu Burusiya mu mubonano uzoba ugira kabiri.
Ukraine ntaco yashotse ibivugako.
Itangazo rimenyesha ivy’uno mubonano ryaje inyuma y’amasaha make Trump yerekanye ko bishobora kuba ngombwa ko Ukraine iheba ubutaka kugira ngo iyi ntambara yatangujwe n’Uburusiya kuri uno mubanyi wabwo muri Ruhuhuma (2) 2022 ihagarare.
Ejo ku wa gatanu ari muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika), Trump yagize ati: “Uriko urondera ubutaka bumaze imyaka itatu n’igice burwanirwa, Abarusiya benshi barahatikiriye. Abanya-Ukraine benshi barahatikiriye.
“Ni ibintu bitoroshe na gato. Tuzogaruza bumwe, ubundi na bwo tubuhebe. Hazotegerezwa kuba uguheberanira ubutaka, ku neza y’impande zompi”.
Perezida Trump ntashira ahabona ingene iyi nteguro y’amasezerano ishobora kuzoba imeze.
Hagati aho, ikinyamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika, gisubiramwo amasoko azi ivy’ibi biganiro, avuga ko Maison Blanche iriko igerageza kwumvisha abategetsi ba Bulaya kwemera amasezerano yoba arimwo uguhebera Uburusiya akarere kose ka Donbas mu buseruko bwa Ukraine bukongera bukagumya intara ya Crimée/Crimea.
CBS itangaza ko muri ino nteguro y’amasezerano, Uburusiya na bwo bwoheba intara za Kherson na Zaporizhzhia, busanzwe bwarigaruriye ibice.
Mu gitondo c’ejo ku wa gatanu, ikinyamakuru Wall Street Journal co muri Amerika catangaje ko Putin yari yahaye iciyumviro gisa n’iki intumwa ya Trump, Steve Witkoff, mu mubonano aheruka kugiriranira na we i Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya).
Gushika ubu ntibiratomoka nimba Ukraine n’incuti zayo za Bulaya bishobora kwemera amasezerano nk’aya, mu gihe Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine na Putin bakiri kure na kure cane mu vyo basaba mu mugambi w’amahoro.
Zelensky abandanya yiyamiriza ivyo guheba ubutaka bisabwa n’Uburusiya.
Umutegetsi umwe wo hejuru muri Maison Blanche yabwiye CBS ko integuro y’umubonano wo ku gatanu uza ziriko zigenda neza, kandi ko bishoboka ko Zelensky ashobora kugira uruhara kanaka.
Moscou ntiyashoboye gutsinda intambara nk’uko yabitegekanya igihe yatangura intambara yayo, ariko yarigaruriye hafi 20% vy’ubutaka bwa Ukraine. Hagati aho, ibitero vya Ukraine ntivyashoboye kwirukana Uburusiya.
Ibiganiro bimaze kuba incuro zitatu hagati ya Ukraine n’Uburusiya mu gisagara ca Istanbul muri Turukiya vyarananiwe no kwegereza ihagarikwa ry’intambara, mu gihe Ukraine n’incuti zayo bibona ko ari nka hamwe Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) yokwemera ibisabwa n’Uburusiya mu bijanye n’ivya gisirikare na poritike kugira ngo amahoro aboneke kwoba ari ukumanika amaboko.
Mu vyo Uburusiya busaba harimwo ko Ukraine coba igihugu ataho cegamiye, ivyotuma bica biba ngombwa ko igabanya cane rwose igisirikare cayo kandi ikazeruka mu vyo isaba vyo kuba umunywanyi w’ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe rihurikiyemwo ibihugu vy’uburengero, kandi n’ibihano Uburusiya bwafatiwe n’Uburengero bikavanwaho.
Moscou ishaka kandi ko Kyiv ivana ingabo zayo mu ntara zine Uburusiya bwigaruriye ibicebice mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine, kandi igasubiza ingabo zayo mu buzima busanzwe.
Hagati aho, Trump yashimangiye ejo ku wa gatanu ko Amerika ifise “amahirwe” yo gushika ku masezerano y’amahoro hagati y’ibi bihugu yokwumvikanwako n’impande zitatu.
Yabwiye abanyamakuru ati: “Abategetsi ba Bulaya baripfuza amahoro, Perezida Putin, ndazi ko ashaka amahoro, kandi na Zelensky arashaka amahoro.
“Prezida Zelensky ni ngombwa ko aronka ivyo akeneye vyose, kuko bizoba ngombwa ko atera igikumu ku masezerano kanaka kandi ndibaza ko ariko arita ku rutare kugira ivyo bishoboke”.
Mu kwezi guheze, Trump yaremereye BBC ko hageze igihe yabona ko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya yagomba ashikweko incuro zine zitandukanye: ” [Putin] arambabaje, ariko ivy’iwe nanje ntibirarangira”.
Mu ndwi nkeya ziheze, imvugo yarahindutse cane kuri Kremlin, aho yari yahaye Uburusiya ikiringo ntarengwa co gushika ejo ku wa gatanu igenekerezo rya 8 Myandagaro co kwemera guhagarika intambara yo muri Ukraine canke naho akabufatira ibindi bihano ruhasha.
Ariko uko iki kiringo ntarengwa cagenda cegereza, niko cagenda kizimanganywa n’integuro za Trump zo kubonana na Putin amaso mu yandi kugira ngo baganire ivy’amasezerano y’amahoro.
Ejo ku wa gatanu, nta tangazo rivuga ivy’ibindi bihano ku Burusiya ryasohowe na Maison Blanche.
Trump na Putin baravuganye kuri terefone muri Ruhuhuma mu kiyago ca mbere kitaziguye hagati y’aba bategetsi kuva Uburusiya butanguje intambara.
Igihe ca nyuma umukuru w’igihugu ca Amerika yaherukira kubonana na Putin hari mu 2021, igihe Joe Biden yabonana na we mw’ikoraniro ryabereye i Genève mu Buswisi.