Intambara ya Ukraine: Starmer agabisha Putin ‘kudakina ku masezerano y’agahengwe’

Intambara ya Ukraine: Starmer agabisha Putin 'kudakina ku masezerano y'agahengwe'

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Sir Keir Starmer agabisha ko badashobora “kwemerera Perezida Putin gukinisha amasezerano ya we na Perezida Trump” ajanye no guhagarika intambara y’Uburusiya muri Ukraine.

Mw’itangazo, umushikiranganji wa mbere Starmer agira ati: “Kubona Kremlin yirengagiza rwose iciyumviro ca Perezida Trump co guhagarika intambara, nta kindi vyerekana atari uko Putin aterekwa amahoro”.

Muri ino ndwi, Perezida Vladimir Putin yavuze ko yemera iciyumviro co guhagarika intambara muri Ukraine ariko mu kiganiro n’abanyamakuru, yavuze ko hariki “ibibazo” ku kungene aka gahengwe koba kameze.

Starmer agira ati: “Ari nka hamwe Uburusiya bwohebaa bukitaba ibiganiro, ni ngombwa rero ko twitegurira guhagararira amasezerano kugira ngo koko abe nyayo kandi azane amahoro arama”.

Source link

Visited 1 times, 1 visit(s) today

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *