Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Sir Keir Starmer agabisha ko badashobora “kwemerera Perezida Putin gukinisha amasezerano ya we na Perezida Trump” ajanye no guhagarika intambara y’Uburusiya muri Ukraine.
Mw’itangazo, umushikiranganji wa mbere Starmer agira ati: “Kubona Kremlin yirengagiza rwose iciyumviro ca Perezida Trump co guhagarika intambara, nta kindi vyerekana atari uko Putin aterekwa amahoro”.
Muri ino ndwi, Perezida Vladimir Putin yavuze ko yemera iciyumviro co guhagarika intambara muri Ukraine ariko mu kiganiro n’abanyamakuru, yavuze ko hariki “ibibazo” ku kungene aka gahengwe koba kameze.
Starmer agira ati: “Ari nka hamwe Uburusiya bwohebaa bukitaba ibiganiro, ni ngombwa rero ko twitegurira guhagararira amasezerano kugira ngo koko abe nyayo kandi azane amahoro arama”.
“Aramutse yanse naho, ni ngombwa ko dukenyera zikaguma tugagakomeza ibihano mu vyo ubutunzi ku Burusiya kugira ngo iyi ntambara ihagarare”.
Ni mu gihe kuri uno wa gatandatu, uno mushikiranganj iwa mbere yakira inama y’abategetsi b’ibihugu bitari bike hakoreshejwe ubuhinga bwa none kugira ngo bahanahane ku bijanye n’intambara yo muri Ukraine n’ibijanye n’ubutumwa bw’amahoro mu co Starmer yita “urunani rw’ababishaka”.
Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza bivuga ko Starmer aza gutera akamo ko kwongereza imfashanyo ya gisirikare ihabwa Ukraine n’ibihano mu vy’ubutunzi ku Burusiya bigakomezwa “mu ntumbero yo guhatira Putin mu biganiro” – akavuga ko ubu ari igihe co “gufata ivyemezo nyavyo”.
Vyitezwe ko abategetsi 25 bitaba iyi nama, harimwo abategetsi ba Bulaya, Canada, Ukraine, Australia, Nouvelle-Zélande hamwe n’abategetsi b’Ubumwe bwa Bulaya n’urunani OTAN rwo kwivunira umwansi hamwe.
Hagati aho, abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntibaza kwitaba iyi nama ifise intego yo kwiga ku ntambara y’Uburusiya muri Ukraine.
Ejo ku wa gatanu, Perezida Donald Trump wa Amerika yarashimye ibiganiro yagiranye na Perezida Putin kuri iyi nteguro yo guhagarika intambara muri Ukraine avuga ko vyari “vyiza kandi vy’akamaro”.
Yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social ko ibi biganiro vyatanze “amahirwe menshi cane y’uko iyo ntambara y’ubugome iriko yiha inkumbi, ishobora guhera”.
Ariko, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagirije Putin ko ariko agerakeza kwiteza utunyoni kugira ngo abandanye intambara.
Putin avuga iki ku bijanye no guhagarika intambara muri Ukraine?
Vladimir Putin avuga ko yemera iciyumviro co guhagarika intambara muri Ukraine, ariko agashiraho ibikenewe kubanza gukurwa mu nzira imbere y’umugambi w’amahoro.
Mu kiganiro n’abanyamakuru, Putin agira ati: “Iciyumviro ni ciza – kandi turagishigikiye – ariko hariho ibibazo dukeneye kubanza kuvuganako”.
“Ni nde azotanga itegeko ryo guhagarika intambara? Ku giciro nyabaki? Ni nde azoca urubanza hagize uwuhonyanga aya masezerano yo guhagarika intambara? Izohagarikwa gute ku rwasiro rurenga ibirometero kwadarato 2000? Ibi bibazo vyose bikeneye kubanza kwicarirwa mu bwitonzi ku mpande zompi.
” Ni nde azoyacungera? Iyi misi 30 izokoreshwa gute? Kugira ngo Ukraine yiyegeranye? Yegeranye ibirwanisho? Yigishe abanyagihugu? Canke? Rero ikibazo aho kiri– ibi vyose bizocungerwa gute?”, niko abaza.
Putin avuga ko ashaka “guca mu mizi ibintu vyose vyateje iyi ntambara” – ibi bikaba vyatumye abantu bibaza nimba koko yiteguriye guhagarika intambara, canke ko atoba ashaka kuba arakwega amaguru kugira ngo yibandanirize n’intambara.
Mu kwishura, Perezida Zelensky wa Ukraine yari yashigikiye iyi nteguro y’amasezerano yo guhagarika iyi ntambara igeramiye igihugu ciwe, yagiriza Putin ko ari “umunyaruyeri”, aca asaba ko Uburusiya bwofatirwa ibindi bihano.
Putin “ntahakana ku mugaragaro”, ni ko Zelensky avuga mu kwishura kuri ibi bivugwa na Putin, ariko “mu vy’ukuri, ariko yitegurira kuvyanka”.
Yongerako ari: “Putin, ni vyo koko ko atinya kubwira Perezida Trump amenya ko ashaka kubandanya iyo ntambara, ko ashaka kwica-Abanya Ukraine”.
Ku bwiwe, uno mukuru w’igihugu c’Uburusiya yabanje kurondera inyendamuvano y’ivyo asaba vyinshi “ku buryo ata kintu na kimwe gishobora gishoboka na gato”.
Abanya-ukraine bavuga iki kuri aga gahengwe k’imisi 30
Mu gihe havugwa ivy’agahengwe, igisirikare c’Uburusiya coco kibandanya gisatira. Umunyamakuru yashitse ku bitaro vya gisirikare mu buseruko bwa Ukraine, avuga ko umwanya ku mwanya ibi bitaro biguma vyakira inkomere.
Mu biyago yagiranye na bamwe, biboneka ko ibiganiro bivugwa kure cane y’ahariko habera urugamba ata na hamwe bihuriye n’ubugome bw’ino ntambara.
Nta n’umwe mu bavuganye n’umunyamakuru wa BBC yemera ko intambara ishobora guhagarara ubu bwa vuba.
Umwe mu bo bavuganye ni Maksym w’imyaka 30 yari ku nderuzo bamusizemwo serumu mu kumuvura ibikomere vyari vyuzuye umubiri wose. Avuga ko yumvise ivy’agahengwe k’imisi 30, ariko akongerako ati: “Mfata ko Putin umwicanyi n’abicanyi biwe badashobora kwemera uko nyene”.
Eka na Vova yari yicaye iruhande agira ati: “Ntavyo nemera. Sinizeye ko hashobora kuba agahengwe”.
Maksym avuga ko bwari bugize kabiri akomeretse. Na we agira ati: “Si nizeye ko intambara ishobora guhagarara. Nari mfise abagenzi benshi ariko ubu batakari kumwe na twe.
“Ndipfuza kubona vyose bigiye neza. Ariko nta muntu n’umwe ashobora kwizera Uburusiya. Ntibikunda na gato”.
Sofiia, umukobwa w’imyaka 22 akaba ari umunyeshure mu vy’ubuvuzi, amaze amezi 18 akorera kuri ibi bitaro. Na we nyene nta cizere na gito afise ko intambara ishobora guhagarara: “Ntavyo nemera, ariko navyipfuza”.
Sofiia Ashima ko “nibura Ukraine na Amerika vyasubiye kuvugana”, ariko ku bijanye n’icizere co guhagarika intambara, akubitiza agatima muri kahise.
Ati: “Turavye ukungene muri kahise hagumye hasabwa ko intambara ihagarara, ariko bikaba ivy’ubusa, ubu si ho vyoza bikunda”.